Programmation informatique kuva ku myaka 13 gushika kuri 18
Uko umwana angana kwose turamwigisha akamenya
Nimba akunda gaming, robotique & electro, arts numériques, web & applis… iki nico kibanza ciwe
{
DUHERA KU NTANGO
}

Intango
Menya neza gukoresha imashini yawe. Uyikoresha mu kurwiza umwimbu canke winezereza

Internet na Email
Koresha internet witeze imbere. Menya vyinshi kuri Email no ku mbuga ngurukana bumenyi

Iga kwubaka imbuga
Iga kwubaka udukino duto duto wimenyereze kwiyumvira nk'umu programmeur w'inzobere.
{
Ikibanza n'abigisha
}

Ikibanza ciza cane
Ikibanza c'ishure ryacu kibahamagarira gukora cane mukarwiza umwimbu. Kiri ahantu hatekanye hari ibikenewe vyose kugira umwana yige atekanye.

Abigisha babizi
Abigisha bacu bagizwe n'abakozi ba HOGI basanzwe bamenyereye ivy'ukwigisha abana n'abakuze ivy'ukwubaka imbuga nkoranabuhinga
{
BIMWE MU VYIRWA
}

Umurwi Microsoft Office
Iga ingene bandika neza ukoresheje Word, kora ibiharuro bisobanutse hamwe na Excel wongere werekane icuyimviro cawe neza ukoreshe PowerPoint

Social media
Iga ubundi buryo mushobora gukoreshamwo social media mukaba abantu b'ikimazi cane. Koresha imbuga za Meta, Twitter na Instagram kugira witeze imbere.

Windows CLI
Iga gutandukanya amajambo GUI na CLI. Muri kino cirwa muriga ubundi buryo mmwotegekamwo imashini ata mbeba mukoresheje. Mukoresheje clavier gusa.
Kuki mwoturungikira umwana wanyu?
Ivyiyumviro vyiwe biratera imbere
Umwana wanyu yiga kwiyumvira wenyene canke mu murwi gutorera inyishu ikibazo aba yagize.
Azoronka ubumenyi bushasha
Umwana wanyu araronka umushinge ukomeye muri informatique. (Aramenya ico bita : variables, fonctions, conditions, booléens…)
Umwana wanyu aranezerwa
Abana biga ivy'ubuhinga bwa none bituma biga udukorikori dutandukanye biciye mu kwubaka udukino basanzwe bakunda
Tumuremamwo umutima w'ubuvumbuzi
Umwana wanyu yiga kurondera wenyene canke mu murwi gutyo akiga gukorana n'abandi.
{
IBIBAZO/INYISHU
}
Ishure rikorera mu bigo vy’ishirahamwe HOGI rikorera kuri Boulevard de l’Uprona, Inyubakwa Business House, igorofa ya 3. Ni haruguru y’imangazini Budget, hepfo ya T2000. Hahora hakorera ishirahamwe Econet Wireless.
Abana tuzobigisha gukoresha Windows 10 neza, gukoresha umurwi Microsoft Office: Word, Excel na Powerpoint. Bahejeje ivyoo bazoca biga Ingene bakoresha Windows CLI, baherahereze kuri Scratch na Python.
Abana bazoza baratonda 3 mu ndwi : ku wambere, ku wagatatu no ku wagatanu. Bazoza bariga kuva isaha 9 z’umuhingamo gushika isaha 11 z’umugoroba. Bakazokwiga uburuhuko bwose (ikiringo c’amezi) abiri.
Twakira abana biga kuva mu w’indwi gushika mu wanyuma(terminale).
Kwiyandikisha ni ku kibanza aho HOGI ikorera kuva ku wambere gushika ku wagatanu. Kuva isaha 2 zo mu gatondo gushika isaha 11 z’umugoroba.
Kwiyandikisha ni 20.000 FBU + 100.000 FBU yo mu kwezi kwambere. yose hamwe ni 120.000 FBU. Umwana akazokwiga amezi abiri. N’ukuvuga ko umwana azoriha yose hamwe 220.000 FBU
Ego caane. Umwana wese bisaba ko yizanira imashini nyabwonko yiwe.